Scroll to Top

Mt number one yavuze ico yatahuye kwivurwa cane rya Cover y’Indirimbo yiwe

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 01 Nov 2017 00:57 AM / /

Bugingo Mt number one asohoye Cover y’indirimbo “Imisi mitindi”, yavuzweko menshi naho we ataco vyamubwiye, kuko yari yabonye ico vyavuyeko.

Album nshasha ya Mt Number One

Akaririmbo imisi mitindi ngo ntiyakanditse we nyene, ariko hari uwamushigikiye muri ico gikorwa. Ivyo vyashikirijwe na Mt number one ubwiwe aho yaganira na Indundi Magazine.

Muri ico kiyago yemeza ko ivyo yaririmvyemwo bitamubayeko, ariko ngo n’ubuzima bwa misi yose abantu babamwo. Mt avuga kandi ko iyo ndirimbo yayanditse anagamije gutanga ubundi butumwa butandukanye n’ubwo asanzwe atanga bujanye n’urukundo.

Muri ico kiyago nyene Mt number one, yahavuye avuga ko ako karirimbo atarashima kugasohora ku muhora wa YouTube, kubera ashaka kuzogashirirako rimwe n’isanamu ryako. Ariko akavuga ko kamaze gushirwa ku muhora wa Sound clouds asanzwe akoresha.

Cover y’iyo ndirimbo ikaba ari imwe mu zavuzweko amajambo atari make aho zasohoka, iyo bamwe bakaba babona ko idakozwe neza. Mt we avuga ko bitamubabaje kuko yarabonye ko abantu batayitahuye uko yariri ngo vyarabarengeye.

Mwomenya ko Mt number one yaheruka gushira ahabona akaririmbo kiwe ka nyuma yise Last chance, aho yasaba akandi karyo.

4,500 total views, 14 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel