Scroll to Top

Iki nico inabukwe wa Oprah yavuze ku bugeni yagize

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 01 Nov 2017 14:10 PM / /

Abibaza ko ari inkinamico ubugeni bwa Oprah na Dogo Janja ngo nibacire birarura kuko umuvyeyi arabizi kandi yarabahezagiye.

Mu gihe ubu amakuru avurwa mu muziki muri Tanzania ari ubugeni bw’umuririmvyi Dogo Janja hamwe n’umukinyi w’amareresi Irene Uwoya azwi nka Oprah, ibinyamakuru vyatanguye kuvugisha inabukwe wa Oprah.

Imwe mu nsamirizi zo muri Tanzania aho yaganiriza n’uwo muvyeyi bamubajije ko yarasanzwe azi nimba umwana wiwe azorongora. Yishuye ko atari ukubimenya gusa kuko ngo kuva mu mwaka wa 2016, yari yaramubwiye ko ariko yitegura.

Ku kibazo c’imyaka barushana, uwo muvyeyi yavuze ko atari ikibazo ahubwo ngo ikibazo n’uko bobikora batumvikanye, ngo nay’ahandi bumvikanye ngo ibisigaye n’ibisanzwe kuko n’intumwa Mohammed yararongoye umugore amurusha imyaka.

Uwo muvyeyi kuba atabonetse ku rubanza ruto rwabaye ngo n’uko hari utundi dukorwa twamutwaye, ariko ngo ibisigaye vyose yarabihezagiye ukuri kwamye.

Mwomenya ko uwo musore abatari bake bariko baramuvugako menshi kuko yoba yarongoye umugore afise imyaka myinshi kumusumba. Abandi bo bakaba babona ko bashaka kuvurwa ngo iyo n’inkinamico.

10,475 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel