Scroll to Top

Basket Ball: Bamwe mu bakinyi bashobora kuboneka mu gikombe c’umukuru w’igihugu.

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 02 Nov 2017 14:03 PM / /

Ku munsi wa gatandatu w’ino ndwi, igenekerezo rya 4 Munyonyo uno mwaka , niho hazotangura ihiganwa ryitiriwe umukuru w’igihugu mu rukino rwa Basket Ball, ku migwi ya hano mu gisagara ca Bujumbura.

Muri iryo higanwa hakaba haboneka amwe mu mazina y’abakinyi b’abarundi basanzwe bakina mu makungu, na cane cane ko bisanzwe birekuwe n’amategeko agenga iryo higanwa. Abakinyi bamenyekanye ku ntonde z’imgwi imwe imwe twovuga nka:

-Kavakure Bryan akinira Punjab Steeleers mu gihugu c’Ubuhindi ari ku rutonde rwa New Stars

-Ntagunduka Francis batazira Yao  wa Patriots mu Rwanda , ari ku ruonde rw’umugwi w’Urunani.

– Landry Ndikumana wa City Oil m Buganda ari ku rutonde rw’umugwi w’Urunani.

–  Etienne na Fabrice bakina mu gihugu c’Urwanda bari ku rutonde rwa New Stars.

Muri rusangi rero inkino zizoba uku gukurikira:  ku wa 4/5/11/2017

New Stars- Muzinga ( Gikungu :13h)

Ambassadors- Kern ( Gikungu: 15h)

Dynamo-Gymkana ( Gikungu :9h)

Urunani – Mutanga United ( Gikungu:11h)

Kuri uwo munsi w’Imana niho hazoba urukino mu bigeme rw’ukurondera umugwi wo mu gisagara ca Bujumbura uzohamvya Berco Stars na Les Gazelles, ni hagati  ya Aigle Noir BBC na Rumuri.

Zino nkino zikaba zatunganijwe n’ishirahamwe Rising Generation riri kumwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu n’ubushikiranganji bw’inkino.

 

4,427 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel