Scroll to Top

None woreka kubona imisozi gute kandi uhagaze mu kabande?

By Indundi Staff / Published on Friday, 03 Nov 2017 05:52 AM / /

Umuhinga w’ukubona kure ahagarara ku gasozi. Uhagaze hino y’umusozi ntabona ibiri hirya yawo . Ukavyuka ukabona ibibazo bigukikije hirya no hino, yamara ntubone inyishu namba ntubone inyishu ntibigutangaze. Burya n’uko nyene uba uhagaze muri vyo.  None wohagarara mu kabande ukereka kubona imisozi gute ? None wobabazwa n’ukubona imisozi kandi uhagaze mu kabande ? Hagati y’ukubona imisozi n’uguhagarara mu kabande ikibabaje n’ikihe? Wotahura neza ntiwosubira kurira.

Hariho vyinshi utabona kuko uhagaze mu kabande. Hari ivyiza vyishi inyuma y’imisozi utari bubone muri kino gihe kubera uko uhagaze, aho uhagaze.  Ukubona ibibazo imbere y’inyishu nta ngorane biteye kuko niko bitegerezwa kuba. Habanza ibibazo, hakaza inyishu mu nyuma. Uzi kwiheza neza, mu kibazo cose hama  harimwo igice c’inyishu  Ikibi si ukutabona inyishu. Ikibi ahubwo ni ukutabona neza ngo uheze umenye uko ugitorera umuti. Womengo biratangaje ariko ni uko biri. Kenshi turihenda ku bibazo nyakuri dufise.

Uko biri kwose, ivyo urimwo nta karenganyo karimwo. Abarundi barayamaze bati ” Nta kabur’imvo”. Nyabuna haguruka wicare wice irya n’ino urabe iyo vyagoraniye. Nturondere kwiha inyishu zikworohereza nkuko umengo vyavuye ahandi. Uronderere hose, haba mu vyiyumviro no mu nyifato. Ariko rero na canecane  mu vyiyumviro kuko nkuko abahinga babivuga, vyose niyo bihera. Yamara ntiwiteko inkubire kuko uburyo umuntu yiyumvira n’uko abona ibintu navyo  gufise amamuko  y’urufatangane rw’ibintu vyinshi umuntu yagiye aracamwo, yaba indero wahawe, ivyiyumviro wakuranye… eka ni uruhojojo rw’ibintu vyinshi cane.

Inkuru nziza rero n’uko ufise ubushobozi bw’uguhindura, maze ugatumbereza ubuzima bwawe nk’uko wifuza ko buba. Birashoboka guhanagura canke gukiranura ivyo vyose wakuriyemwo , bitavuye mu bushake bwawe. Guhera ubu urashoboye gutumbereza umushaha wawe uko ushaka ko umera. Ubuhinga ni bwinshi, abahinga banyuranye barerekana uburyo umuntu ashobora guhindura ivyo vyose yisanze abamwo kubera atari bwamenye.

Haguruka, wihweze wiyumvire itsitso ritumye umera utyo uyu musi, woye gushoka ubona ko biva ku bandi gusa. Ico bikoze, ukamara gutora aho vyagoraniye maze ugafata ingingo ntabanduka y’uguhinduka bizogusaba imisi yamara ubibandanije uko bitegerezwa kuba , uzosanga inyuma y’imisi , wavuye hagati y’iyo misozi , uriko uridegemvya, utazi n’uko vyagenze.

Hera mu vyiyumviro, uve mur’ako kabande, ubone hirya y’imisozi. Tugiye kuza turafashanya.

4,760 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel