Scroll to Top

Basket Ball : Inkino za mbere mu gikombe c’umukuru w’igihugu.

By Alain Muhirwe / Published on Saturday, 04 Nov 2017 12:43 PM / /

Kuri uno wa gatandatu (4/112017), niho hatangura inkino zitiriwe umukuru w’Igihugu mu rukino rwa Basket Ball, inkino zatanguriye hano mu gisagara ca Bujumbura mu kurindira ko ku wa 11 Munyonyo zibandaniriza no hagati mu gihugu.

Ku kibuga c’igikungu, urukino rwa mbere rwahuje umugwi wa New Stars wahuye na Muzinga, urukino rwaranguye imigwi yose yatinyana , agace kambere bita quart-temps karangiye imigwi inganya amanota icumi ku yandi.

Ibintu bikaba vyagiye guhinduka mu gice ca kabiri aho umugwi wa New Stars wivyukiranije ushika ku manota 40 kuri 36, urukino ruza kurangira New Stars itahukanye intsinzi y’amanota 59 kuri 51.

Urukino rwa kabiri rwahuje umugwi wa Kern watsinze vyoroshe Ambassadors ku manota 76 kuri 35.

Ku munsi w’ejo hategekanijwe izindi nkino zibiri hagati ya  Urunani – Mutanga United  hamwe na Dynamo izokina na Gymkana.

Imigwi ine izoseruka izoca ihamvya iyind migwi yo muntara mu migwi igize uturere basanzwe bashizwemwo. Mwomenya ko mu bigeme, urukino rutegekanijwe aho bukera ruzohuza Aigle  Noir BBC na Rumuri.

3,484 total views, 3 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel