Scroll to Top

Big Fizzo agiye gusubira i Kigali

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 04 Nov 2017 18:06 PM / /

Big Fizzo ari mu batumire mw’ishirwa ahabona ry’urukurikirane Imbaraga rwa Charly na Nina I Kigali mu Rwanda.

Inyuma y’amezi yababa 6 atahonyoje ikirenge i Kigali mu Rwanda, Big Fizzo agiye gusubira guteramisha abanya Kigali mu giteramo c’ishirwa ahabona ry’urukurikirane rw’abaririmvyi Charly na Nina.

Atari ukubasubiriza mu nkoko, n’ukubashigikira kuko basanzwe babarizwa muri Label imwe, Decent Ent. inyuma y’ukumushigikira mw’ishirwa ahabona ry’urukurikirane #Fizzology. Big Fizzo akaba yitezwe I Kigali mu kwezi kwi 12 hamwe n’abandi baririmvyi bakomoka mu Buganda.

Big Fizzo akaba azohashika avuye aha iwacu aho abarizwa muri kino gihe, mu gihe atacohinduka. Hakaba hataramenyekana nimba muri urwo rukurikirane Big Fizzo hari indirimbo bakoranye.

6,923 total views, 7 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel