Scroll to Top

Va mu bitandara, uje ku misozi miremire!

By Indundi Staff / Published on Sunday, 05 Nov 2017 01:17 AM / /

Abasomyi ba babiliya boraba  ivy’umami Dawidi yaririmbiye Imana ( Psaume 104) aho yagize ati ” Imisozi miremire n’iy’impene z’inyeshamba, ibitandara ni ubuhungiro bw’inkezi”.

Mu buzima bwacu, abantu benshi turondera ibitandara twinyegezamwo. Igitandara gikomeye dukunda guhungiramwo n’ikijanye n’ukwama tugerageza kwitahura( excuses). Agakomye kose ngo yereka data jewe navutse mu boro;  ngo none ndibugire gute?, Agakomye mu rugo,ngo yereka data,n’uko mbanye n’ikiiza sinokigirana amaragamo, ubukene bwagutera ngo “birumvikana ubu mu gihugu nta mahera ahari”….

Nta cinjira ahatuguruye. Nimba warinjirinwe n’uko hari huguruye.

Umwanya wose turondera kwumva ko ibidushikira biva hanze yacu. Ico twomenya nuko ibi vyose bidushikira tubona hanze bitaza giturumbuka. Burya biratembera , bigatembera maze bikaza birinjira aho bibonye imiryango yuguruye, aho bihamagawe. Imiryango nayo ni invyiyumviro vyacu, ufise ivyiyumviro vy’ubukene, bizokwega ubukene, none bworeka kuza gute kandi ubutahura? Erege burondera aho bworohewe. Wewe wova ahantu bagutahura?

Menya kandi wemere ko vyose, biva kuri wewe.

Hagarika guhera uwu musi kwama wibaza ngo ay’ugowe ava ku bandi. Fata ingingo y’ukwama wiyibutsa mu gatondo canke mbere iyo ugiye kuryama uti” Ivyo ndimwo vyose, mboneye hafi canke nkabonera kure, nije nabiteye”.

Ugafata iyo ngingo y’ugufata mu minwe ubuzima bwawe, ukabomora ibitandara, ukemera ukawota, ugahakana “kwitahura” maze ukandika hafi ico ushaka gushikako kandi ugafata ingingo ko utazokwigera uruhuka utagishitseko uzoba ubaye umugabo

Niwabikorana ukwemera, uzobona ibintu vyishi vyikora; vyitunganya vyishira mu nzira urimwo mu buryo butangaje Uzomera nk’igiti giteye hafi y’umugezi w’amazi.

         Reka kuba inkezi, uve mu bitandara, nyabuna uje ku misozi miremire nk’impene z’inyeshamba.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel