Scroll to Top

Basket Ball: Imigwi igiye kubandanya ihiganwa mu gikombe c’umukuru w’igihugu.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 05 Nov 2017 13:23 PM / /

Mu mpera z’ino ndwi niho hatangura inkino z’igikombe c’umukuru w’igihugu ku migwi ya hano mu gisagara ca Bujumbura, inkino zabereye ku kibuga c’i Gikungu.

Imigwi ine mu bagabo niyo yari ikenewe kugira ngo ihamvye iyindi migwi yo mu ntara hagati. Ku ruhande rw’abigeme, igisagara ca Bujumbura kizoserukirwa n’imigwi itatu.

Inkino zikaba zagenze uku gukurikira:

New Star 59  –  51  Muzinga

Kern 76-35 Ambassadors

Gymkana 56-48 Dynamo

Urunani 59- 54 Mutanga United

Imgwi nka New Star- Urunani- Gymkana- Kern niyo igiye kubandanya ihiganwa, mu mpera z’indwi buca dutangura.

Ku ruhande rw’abigeme umugwi wa Aigle Noir BBC ugiye guhamvya Berco Stars na Les  Gazelles mu migwi izoserukira Mairie ya Bujumbura.

Tubibutseko rino higanwa ryatunganujwe n’ishirahamwe Rising Generation rifashijwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu hamwe n’ishirahamwe ry’urukino rwa Basket Ball hano mu Burundi.

5,398 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel