Scroll to Top

Video | Munyare asaba leta kugarukana Ibinyugunyugu kuko vyahonye

By KING YANN COOL / Published on Monday, 06 Nov 2017 03:15 AM / /

Gitoro na Munyare bemeje ko ibinyugunyugu vyahonye, Munyare agasaba ko leta yoraba ikabigarukana.

Ibikorwa vya Comedy kuri Gitoro ntibihagarara, ahubwo bibandanya bishirwa ahabona.

Comedy zitari nke bakoranye n’umurwi Ninde zibandanya zisohoka buke buke. Ubu naho akaba yasohoye ikiyago yagiranye na Munyare yiswe Muremeshakiyago muri ico gikino.

Murico Munyare ntarya umunwa mu kuvuga ko ata muyagankuba bakeneye mu gace baherereyemwo kuko kubwiwe yaba umuyaga yaba inkuba vyose vyaramuhekuye.

Gitoro yari mu kibanza c’umumenyeshamakuru yabajije Munyare ico leta yabafasha, aca asaba ko leta yobagarukanira ibinyugunyugu kuko ngo nivyo vyahonye muri ako gace. Na Gitoro nawe akaba yemeje ko ata kinyugunyugu yabonye.

Kurikirana ico kiyago bagiranye aho musi

8,465 total views, 17 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel