Scroll to Top

Urban Boys yagiriza Safi kuba ari umusuma

By KING YANN COOL / Published on Monday, 06 Nov 2017 03:12 AM / /

Induru ni zose hagati y’abasigaye muri Urban Boys n’uwakinjuye, bakavuga ko yagiye abanyaze.

Umurwi Urban Boys usanzwe umenyekanye cane mu gihugu kibanyi c’Urwanda, wigeze gukorera igiteramo aha Iwacu, wamaze gutabagurika.

2 muri 3 bari bagize uwo murwi nibo basigaye muriwo, Safi madiba niwe yakinjuye muri uwo murwi, ibikorwa vyiwe vya mbere bikaba bisa n’ivyitezwe kandi biriko birakorwa hakurya ya Kigali.

Ariko naho biruko, uwo muririmvyi yagirizwa ubusuma na mugenziwe Nizo Kaboss yakoranye uturirimbo na Sat-b. Uwo akaba amwagiriza kuba yagiye abivye urubuga rwa YouTube bari basanzwe bashirako indirimbo zabo, akarwiyitirira.

Nizzo mu majambo yanditse ku rubuga rwa Instagram yamusavye gusubiza nimba yari yitijije, kuko ngo aho yasezera, yari yabonye ko ashoboye ngo nagende akorera rwiwe.

Uwo muririmvyi Safi, ku bugeni aheruka gukora akaba Atari yatumiye mugenziwe Nizzo, ariko ashima gutumira Humble jizzo uwundi mu bagize uwo murwi

1,941 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel