Scroll to Top

Umuhari Ligue Iteka waraye ubuze indongozi

By Julien Barinzigo / Published on Monday, 06 Nov 2017 22:11 PM / /
Jean Baptiste Nsabimana

Umuyobozi w’umuhari Ligue Iteka uherutse guhanagurwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati  mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike, umushingwamanza Jean Baptiste Nsabimana yaraye yitavye umuremyi mu mpanuka y’umuduka mu gihugu c’Ubuganda.

Nkuko vyemezwa n’abavyiboneye, Nsabimana yari atahutse avuye mu gihugu ca Gambiya mu gisagara ca Banjul aho yari yitavye inama yari yatumiwe kugira ico ashikirije ku Burundi. Mu gihe yari avuye ku kibuga mpuzamakungu c’i Antebe niho yagira impanuka y’umuduga.

Ubwonyene yaciye yitaba Imana , umukenyezi wiwe nawe hamwe n’uwariko aragendesha imodoka barakomereka cane baca bajanwa mu bitaro. Uyundi yaciye yitaba Imana ni uwitwa Bertran yari mu bagiye ku mwakira.

2,444 total views, 4 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel