Scroll to Top

Iyo ugenda utazi iyo uja, inzira yose ufata iragushikanayo!

By Indundi Staff / Published on Tuesday, 07 Nov 2017 03:17 AM / /

Iyo wibereho ata ntumbero y’ico ushaka gushikako yanditse, uba wibereye nk’umuntu agenda ahumirije. Uba njana n’abaja, uba uhwahutse nk’umuyaga.

Nkuko abahinga babitohoza babivuga, abantu bashika ibice bitatu kw’ijana( 3 %) nibo bonyene babaho bagendera ku vyo batagekanije vyanditse buri mwaka canke buri kiringo cose bihaye. Abandi babaho uko bukeye uko ubwije, batega umutwe ibihe. Abo badafise ivyanditse bagenderako kenshi ngo usanga ari abakozi b’abo bafise ivyanditse. Ur

Impanuro rero nyamukuru itangwa n’abahinga n’uko umuntu wese ategerezwa kuba yanditse ivyo yifuza gushikako , maze bikaja mu mutwe bikamatayo,  kugira gutyo ubwonko bwame butumbereye ku kintu kimwe , maze inguvu zabwo zireke gusanzara zijuragirika. Kuko ubwonko bwawe n’igitangaza , bushoboye vyinshi cane.

Tora ikaramu rero wandike ku rupapuro ico kintu wumva ushaka gushikako. Wandike n’igihe ubona uzofata mu ku gishikako. Inyuma y’ivyo, uheze wihe indero y’ukwandika ibintu bishika 20 ubona wokora kugira ugishikeko, ubandanye wiyumvira mpaka ushikano ivyo 20 ubona wokora.

Heza uce ufata ico gikorwa wame ugikora uko bukeye uko bwije, wame wandika italiki y’uwo musi maze usubire ushire hejuru ico wifuza gushikako uheze kandi wandike ibintu mirongo ibiri wogira kugira ugishikeko. Nturinde kuraba ivya wanditse, nimba arivyo bigaruka ntaco, wewe bandanya wandika buri musi wongera, utora muri ivyo utegekanya gukora ico uheza ugaca uherako bwango.  Intumbero n’uguhata ubwonko bwawe bukubwire ibiri mu gatimatima kabwo . Kuko vyose biriyo.

Nkuko abahinga babivuga, uko uzokwa uhata ubwonko bwawe ubutumbereza kuri ico kintu wifuza, hazogera aho , inyuma y’imisi usanga nya kintu wifuza camaze gushinga imizi mu bwonko, maze uhave usange utanguye kworoherwa mu nzira y’ugushika kuri iryo hagiro, ubone ibintu vyose bitanguye kwitumbereza muri iyo nzira.

Bisaba kwamizako. Ntufate minenerwe ibi usomye hano; gumako, guma wimba, uzoteba ushike aho ushaka. GIRA IMIGAMBI YANDITSE!

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel