Scroll to Top

Abanyororo babiri nibo baraye batorotse i Bubanza

By Julien Barinzigo / Published on Tuesday, 07 Nov 2017 05:54 AM / /
  • Abanyororo babiri nibo batorotse ibohero ry’i Bubanza muri iri joro ryakeye .

Nkuko bivugwa n’umuvugizi w’igiporisi Petero Nkurikiye ngo hari mw’ijoro  rishira isaha zine abanyororo bagerageje gutobora hejuru kw’ibohero mu gihe imvura yariko iragwa ari nyinshi.

Haciye hatoroka abanyororo babiri , abaporisi bakaba banarashe bariko babakurikirana.

Petero aratanga n’umwidondoro w’abene gutoroka iryo bohero: TANGISHAKA J.Bosco batazira  Hassan mwene Ndaruvukanye Gérard na Nahokamye Générose yavukiye i Musigati ,Komine Musigati mu ntara ya Bubanza mu 1991hamwe na NIJIMBERE Ézéchiel batazira Madredi mwene Bayampunda Etienne na Najimana Constance , yavukiye i Musenyi muri Komine Mpanda , intara ya Bubanza mu 1982.

Abo bakaba bagirizwa kugandagura umuporisi GAHUNGU Léonidas ku Muzinda igenekerezo rya 15 munyonyo imwaka w’2016 igihe c’isaha imwe y’ijoro.

Ntamisi iheze uwahora aramutswa iryo bohero atawe muri uompi apfungirwa ku Mpimba.Ku burongozi bw’uwamusubiriye Kanzza Clarisse yashikiriye ayo mabanga igenekerezo rya 25 gitugutu hatorotse abagizi banabi babiri bariko bararonderwa hasi hejuru n’ubutungane.

4,667 total views, 9 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel