Scroll to Top

#Indundi Sports| Basket Ball: Aoron Kagabo ” Harakenewe ivyigwa ku bamenyereza”.

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 07 Nov 2017 12:44 PM / /

Mu rukino rwa Basket Ball, kuri uno munsi hariko haraboneka igabanuka ry’isahaka ku bakinyi mu kibuga, amanota make mu nkino zihuza imigwi ikomakomeye. Ikibazo abakunzi b’urukino rwa Baket Ball hano mu Burundi.

Mu gihe mu mpera z’indwi twaraye turangije, hariko haraba inkino za mbere z’igikombe c’umukuru w’igihugu, haonetse amanota make cane ku igwi nka yose yariko irakina muri iryo higanwa.

Nk’akarorero : Mu gihe umugwi wa New Star wakina na Muzinga , agace ka mbere bita 1e quar temps iyo migwi yahejeje ifise amanota icumi kw’icumi ( 10-10). Ufashe ku biharuro n’inota rimwe ku munota kuri buri mugwi.

Uwurongoye ishirahamwe ry’abamenyereza mu rukino rwa Basket Ball hano mu Burundi arasigura icoba gituma urugero rugabanuka.  Aoron Kagabo asanzwe amenyereza umugwi w’ Urunani.

Aoron Kagabo arasaba ko ishirahamwe ry’urukino rw Basket Ball hano mu Burundi arasaba ko hoba ivyigwa ku bamenyereza kuko haheze imyaka itandatu ata vyigwa bitanzwe.

Mumwumvirize hano:

6,982 total views, 2 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel