Scroll to Top

Ireresi yiswe ”Ibijuju bitatu” irabica bigacika

By La Rédaction / Published on Thursday, 09 Nov 2017 01:43 AM / /

Abasore batatu ari bo Niyonkuru Jean Bedel, Dushime J.Marie hamwe na Ndayizeye Christian basanzwe bakina amareresi mu gisagara ca Bujumbura baherutse gushira ahabona ireresi ibica bigacika bise ”Ibijuju bitatu”.

Iyo reresi ”Ibijuju bitatu” nk’uko iryo zina rivyerekana, ni ireresi yakinywe n’abahungu batatu b’ibijuju yamara nk’uko abarundi bayamaze bati ”ubugaba bw’umugabo nibwo buryo bwiwe”, inyuma y’ugutesha umwigeme PIA kurongorwa n’umusore yari yamushimye, baragerageje kwigovyora naho bahavuye baheza nabi.

Iyo reresi ikaba igizwe n’ibice bibiri ikinwa mu rurimi kavukire rw’ikirundi mukaba mushobora kuyirabira ku buntu co kimwe n’ayandi mareresi ndundi muciye ku muhora wa interenete http://nihotv.com

Muyisangamwo abakinyi nka Niyonkuru Jean Bedel, Dushime J.Marie, Ndayizeye Christian,  Niyonkuru Jean Bedel, GICOCORO, Bampenda Iddy (Editor), Nzambimana Happy River (Cameraman), Vumiliya Berger (Ass. Cameraman) n’abandi, ikaba yakozwe na IMPANO PICTURE FILMS ifadikanije na IWACU GROUP.

 

3,346 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel