Scroll to Top

“Mana wee!!!” niko kazina bayitoreye

By La Rédaction / Published on Thursday, 09 Nov 2017 05:01 AM / /

“MANA WEE !!!” ni akazina katorewe ireresi yakinywe n’abarundi bafadikanije n’abakinyi b’amareresi bo mu gihugu kibanyi c’Urwanda ikaba ihagaze cane ku ngaruka zikunze gushikira abigeme baja kwubaka izabo bakiri bato.

Ni ireresi ya Jean Pierre Inkindi, yahagarikiwe na Yakana Dieudonnée, nayo Asman afasha mubijanye na location afashijwe na Nancy Amie Fidèle.

Mu ncamake yayo, ireresi “Mana wee!!!” ikaba yerekeye abigeme bakunze kuja narwo bivanye n’amabwire, ukudahanuza canke uguhanuza abagenzi babi maze bakaja kwubaka izabo bakiri bato mu nyuma bagahura n’ibibazo batari biteze ko vyobashikiye bari bizeye ko bagiye kunezerwa yamara mu nyuma bagasanga ivyo bibajije sivyo babonye.

Ivyo nivyo vyashikiye umwigeme Best yagiye kwubaka akiri muto maze ahura n’ibibazo bidasanzwe biranamunanira kuvyivanamwo. Muyisangamwo abakinyi nka Habimana Asman, Kwizera Aimant, Mucowintore Saidi, Uwimana Hamis n’abandi, ikaba yahinyanyuwe na Global Iris Pictures ifadikanije na Knight Shield Films hamwe na Bright Images Studio.

Iyo reresi co kimwe n’izindi reresi ndundi mukaba mushobora kuziraba k’ubuntu  muciye kubuhinga ngurukanabumenyi, http://www.nihotv.com.

3,591 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel