Scroll to Top

Basket Ball: Inkino z’igikombe c’umukuru w’igihugu zaraye zibaye.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 12 Nov 2017 03:15 AM / /

Ku munsi w’ejo wa gatandatu( 11 Munyonyo 2017)  twaraye dusozereye, niho haba inkino zihuza imigwi yaserukiye intara zitadandukanye mu gikombe c’umukuru w’igihugu mu rukino rwa Basket Ball.

N’ubwo mu turere tutari duke tw’igihugu hazindutse haragwa imvura, ntivyabujije ko izi nkino za mbere ku rwego rw’igihugu ziba, mbere zikubahiriza n’amasaha zari zitegekanijweko.

Mu bahungu,inkino zagenze uku gukurikira, mu migwi 24 yaserutse:

  • Urunani BBC 107-28 Cibitoke.
  • Gymkhana 85-59 Muramvya.
  • Kern 89-46 Bujumbura Rural.
  • New Star 84-24 Bubanza.
  • Mwaro 78-65 Imbeya(Gitega).
  • Target(Ngozi) 83-33 Kirundo.
  • Messager Ngozi 50-36 Kayanza.
  • Cankuzo 42-25 Ruyigi.
  • Young Eagles(Gitega) 93-48 Karuzi.
  • Rutana 68-65 Makamba.
  • Rumonge 53- 58 Bururi.
  • Friends Team(Ngozi) 64 – 35 Muyinga.

Mu bigeme ku migwi umunani yitavye izo nkino inkino zagenze uku gukurikira:

  •  Berco Star 84-24 Mwaro.
  • Les Gazelles 111-12 Rumonge.
  • Ngozi 46-25 Gitega.
  • Aigle Noire 87-20 Makamba.

Izo nkino zikaba zigiye kubandanya ku migwi yatsinze ikaja mu gice gikurikira, aho bitegekanijwe ko zizorangira mu mpera z’umwaka, mu birori bizoterwa iteka n’umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Tubibutse ko rino higanwa ryateguwe n”ishirahamwe The Raising Generation bafadikanije n’ibiro vy’umukuru w’igihugu hamwe n’ishirahamwe ry’urukino rwa Basket Ball hano mu Burundi.

4,790 total views, 3 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel