Scroll to Top

Iry Tina yatanze umuco ku vyavuzwe ko agiye guheba umuziki kubera ubukene

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 12 Nov 2017 13:01 PM / /

Ugutandukana n’umugabo ngo ntivyomutuma ahagarika umuziki kuko ubu afise Studio yiwe bwite.

Ikinyamakuru co mu gihugu c’ubuganda cavuze ko Iry Tina ngo yoba agiye guhagarika umuziki, kubera ikibazo c’uburyo bivanye n’uko umugabo ngo yahora amusahiriza muri ico gikorwa batakirikumwe I Bugande ngo batanze inkuru yuzuye ububeshi.

Mu kiyago gito yagiranye na Indundi Magazine, yabeshuje izo nkuru hama avuga ko naho vyoba arivyo batandukanye n’umushingantahe wiwe ngo bitotuma umuziki ahagarika kuko asigaye afise Inzu y’ubuhinyanyuzi yiwe.

Twamubajije ico vyoba vyavuyeko ngo bavyandike, uwo muvyeyi yatubwiye ko mu matohoza yagize yasanze ari abarundi babikoze, abo bakaba basanzwe bafise abo bakorana bari I Bugande.

Aho akavuga ko ababize bose ngo n’abafise ivyiyumviro biri hasi cane, ngo bibaza ko boba bari mw’ihiganwa. Yanaboneyeho akaryo ko kubibira akabanga ko ataco bizoheza bibamarire.

Nabantu bafise ivyiyumviro vyohasi..bibaza ko turi muri competition

Tina yanaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko indirimbo Bad Mind izoza izananye n’amasanamu yayo vuba cane muri ino ndwi.

1,633 total views, 4 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel