Scroll to Top

#Indundi Sports | Yanse gutanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru.

By Radjabu Bosingwa / Published on Sunday, 12 Nov 2017 13:20 PM / /

  Kuri uno munsi w’Imana, igenekerezo rya 12  Munyonyo,  ihiganwa rya Primus Ligue ryari ryaramutse ribandanije ku ndwi igira 11,  umumenyereza wa Delta star Kabera Christian yanse gutanga ikiyago ku bemenyeshamakuru.

Umugwi wa Delta Stars wari uramutse ukina na Inter Stars,  gutsindwa n’Umugwi Inter Star ibitsindo 2-0. Inyuma y’urwo rukino, uyo mumenyereza ntiyashimye kuvugana n’abamenyereza.

Ivyo vyatangaje abamenyeshamakuru bari kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore,  mu gihe urukino ruheruka yatanze ikiganiro amaze gutsinda Umugwi Athletics Olympique.

Delta Star imenyerezwa na Kabera Christian ikaba ifise Amanota atarenga atanu (5) mu nkino 11 ukaba uri mu kibanza canyuma.

1,249 total views, 4 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel