Scroll to Top

Saint Eloi Lupopo ya Justin Ndikumana ironse itsinzi yayo ya mbere.

By Radjabu Bosingwa / Published on Sunday, 12 Nov 2017 13:31 PM / /

 Hari uno w’Imana w’igenekerezo  rya 12 Munyonyo umwaka Wa 2017,  isaha icenda n’igice 15h ku Kibuga Kibasa  Maliba kiri Lubumbashi, aho umugwi Saint Eloi  Lupopo  ukinamwo umunyegoli  Justin Ndikumana wari wakiriwe n’umugwi witwa Lubumbashi Fc.

Urukino rukaba rwarangiye Umugwi Saint Eloi Lupopo utsinze Lubumbashi Fc Ibitsindo bibiri kuri kimwe  (2-1), Lupopo iba ironse itsinzi yayo ya mbere mw’ihiganwa ryo muri Congo ryitwa Linafoot.

Ibitsindo vya Lupopo bikaba vyatsinzwe na Ecole Herve hamwe na Kayembe Alidore mu ghe igitsindo kimwe ca Lubumbashi Fc catsinzwe ba Kabange biciye kuri Perenati.

Mwokwibuka ko Umugwi Lupopo uri mu gisagara kimwe n’umugwi TP Mazembe mbere ni nayo migwi ikomeye iri mu gisagara ca Lubunbashi .

8,849 total views, 9 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel