Scroll to Top

Waruzi ko Saido Berahino ari umukristu?

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 12 Nov 2017 14:03 PM / /

Mu kiganiro aherutse guha umwe mubanditsi b’igitabo Cross the Line, kirimwo ubuzima bw’abakinyi b’ibihangange bamenye Imana.

Umwanditsi Ollie Bains  yarashikirije bimwe mu vyo yayaze n’umusatirizi wa Stoke City,  mu buzima bwiwe bw’umupira w’amaguru hamwe n’ubw’ubukristu.

We sat down with the man himself to talk about life as a footballer but also as a Christian” 

” Twicaye hamwe n’umukinyi aratubwira ivyerekeye ubuzima bwiwe nk’umukinyi kandi nk’umukristu”.

Mu gitabo Cross the Line, harimwo bimwe mu vyaranze ubuzima bwa Saido Berahino mu vyerekeye kwemera,  dusangamwo amajambo nk’aya: “Always put God first – whatever you do. Live right, eat well, train well, train hard, play and enjoy but always with God in mind.” Bisigura ngo:

Iminsi yose ni ugushira Imana imbere,  ubaho neza, ufungura neza, ariko muvyo ukora vyose ube ufise imana mu vyiyumviro.”

Izo akaba ari impanuro Saido Berahino yahaye abakinyi bakiri bato bifuza gutera imbere mu rukino rw’umupira w’amaguru.

Saido Berahino yongeye ashira ahabona umwanya aha Imana  imbere y’ukuja mu kibuga kuri buri rukino.

“The moment I wake up on match days. I  read a verse from the Bible. I pray on the pitch. I cannot play without doing these things.” 

” Iyo mvyutse dufise urukino, Ndasoma Bibiliya, Ndasengera ku kibuga. Sinshobora gukina ivyo ntabikoze”

Muri ico gitabu dushobora gusangamwo ubuzima bw’ibihangange nka  Kaka, Hernanes, Darren Bent, Odion Ighalo, Victor Wanyama  hamwe n’abandi.

Mu gihe abantu benshi bari bibaza ko Saido Berahino ari mw’idini ya ki Isilamu, bivanye n’abavyeyi biwe, hasigaye ku menya niba yaramaze kurivamwo.

Tubibutse ko Saido Berahino ari umukinyi afise amamuko hano mu Burundi, mu mwaka w’2004 niho yava hano mu Burundi aja mu gihugu c’Ubwongereza afise imyaka icumi gusa. Amaze gutumwako mu mugwi nserukira gihugu w’ubwongereza mu rukino rwa Kivandimwe ariko akaba atarakinira Uburundi.

9,158 total views, 3 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel