Scroll to Top

#Indundi Sports | Nzeyimana Mailo ati “nari mfise icizere co kunganya na Aigle Noire”.

By Radjabu Bosingwa / Published on Sunday, 12 Nov 2017 14:16 PM / /

Hari kuri uyu wa mungu w’genekerezo rya 12 Munyonyo umwaka wa 2017, niho  habaye urukino rukomeye mw’ihiganwa rya Primus Ligue ku ndwi igira 11 .   Umugwi Vital’o Fc wari wakiriye Aigle Noire ku Kibuga citiriwe Ivyizigiro kiri mu ntara ya  Rumonge, bakaba bashoboye kunganya igitsindo 1-1.

Ku kiyago gito twakoranye n’umumenyereza Wa Vital’o Nzeyimana Mailo yashoboye kutwemerera y’uko yari afise icizere co kunganya na Aigle Noire kuko mu mutwe iwe yari yaje kuzibira bisigura yararondeye inota rimwe.

Mailo yagize ati: Nari mfise icizere co kunganya na Aigle Noir kuko mu mutwe iwanje naje kuzibira kumvo z’uko Bari mfise abakinyi bagera kuri 6 bama batangura mu kibuga batakinye uru rukino kumvo z’imvune n’abandi bafise amakarata atatu y’umuhondo .

Vital’o Fc ikaba yasigaye mu kibanza ca gatanu n’amanota 18.

8,881 total views, 5 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel