Scroll to Top

Foto ya Inarunyonga yateje uruhagarara kubera uko yambaye

By KING YANN COOL / Published on Monday, 13 Nov 2017 05:29 AM / /

Ivyiza n’ibibi vyavuzwe kuri Inarunyonga inyuma y’ugushira ahabona imwe mu ma foto yiwe yifotoje yasohotse.

Inyuma y’ugukundwa n’abarenga 140 mu misi ibiri gusa, foto umuririmvyikazi Inarunyonga canke Mama Clarke yashize ku rubuga rwa Facebook yavuzwe amajambo atari make.

Bamwe mu bagize ico bashikiriza, bashimye gose uko yari yambaye bavuga ko yambaye neza cane gose. Aho bamwe bakaba banamusavye kubereka aho yaguriye ako gahuzu ngo nabo bazobone kuja kukagura, canke ngo akabarungikire.

Nayikunze urangurira nanje Size M… Emuga irabereye nukuri. Yogusohokamwo

N’abarundi barayamaze ngo nta vyera ngo de, eka ngo nta n’uwushimwa na bose, hampande y’abashimye uburyo yambaye bakanabibona ibisanzwe, hari n’abariko bavuga ko yoba yiyandagaje, bakabona ko atari vyiza kwambara gutyo. Abandi bo bakaba banabishizemwo ijambo ry’Imana, aho bamufashe nk’umucumuzi.

Bible inasema,ukimtazama mwanamke kwakumtamani tayari umeshazini nae,so kati ya anae tazama na anae jianika nani mwenyemakosa?

Inarunyonga gushika ubu akaba ataco yari bwavuge kuri abo bamuvuzeko ayo majambo. Ivyo bikaba bitabaye irya mbere kuko abatari bake bamye bagira ico bavuga ku mashusho uwo muririmvyi wa Fata Taxi Rmx yamye ashira ku rubuga rwa Facebook.

Inarunyonga muri kino gihe akaba asa n’uwuri mu gacerere, ariko akaba aheruka guhabwa agashimwe n’ishirahamwe ry’abarundi baba muri Arizona bivuye ku karirimbo kiwe “Sugar Dady” kari mw’ihiganwa.

 

4,885 total views, 12 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel