Scroll to Top

#Breaking news | Lulu akatiwe gufungwa imyaka 2 kubera urupfu rwa Kanumba

By KING YANN COOL / Published on Monday, 13 Nov 2017 06:31 AM / /

Lulu yakatiwe gufungwa imyaka 2 mu buroko, azira kuba ariwe yagandaguye nyakwigendera Steven Kanumba mu mwaka wa 2012.

Inyuma y’imyaka itanu umukinyi w’amareresi mu gihugu ca Tanzania asandavye, uno musi igenekerezo rya 13 munyonyo mu gihugu ca Tanzania hasomwe urubanza rweneza ko Elizabeth Michael Lulu ariwe yatumye apfa.

Sentare yasomye urwo rubanza ikaba yaciye imucira igihano c’ugufungwa imyaka ibiri mu buroko. Ariko naho biruko umushingwamanza wa Lulu we akaba atashimishijwe n’iyo ngingo.

Inyuma y’isomwa ry’urwo rubanza, umuvyeyi wa Steven Kanumba avuga ko yashimishijwe cane n’ico urwo rubanza rwashitseko, akaba mu majambo make yavuganye n’ibinyamakuru yavuze ko agiye ku mva y’umwana wiwe ngo amwipfurize kuruhuka neza.

Lulu akaba asubijwe mw’ibohero inyuma yaho mu 2012 afungiwe ariko hakabura ivyemezo vy’uko ariwe yamugandaguye, bikaza kuvamwo kumurekura ivy’agateganyo ngo bikunde sentare ibandanye irondera ivyemezo ariko yidegemvya.

4,209 total views, 12 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel