Scroll to Top

#indundi Sports| Primus League : Ibanga inter Star ikoresha kugira itsinde

By Radjabu Bosingwa / Published on Monday, 13 Nov 2017 06:55 AM / /

Kuri uyu w’Imana waraye uheze, igenekerezo rya 12 Munyonyo umwaka wa 2017 isaha umunani z’umuhingamo (14h), umugwi Inter Star niho wari wakiriye Delta Star mw’ihiganwa rya Primus League ku ndwi igira iya 11 yaryo.

Umugwi Inter Star ukaba watsinze Delta Star ibitsindo 2-0. Inyuma y’urwo rukino twaregereye umumenyereza w’umugwi Inter Star Bimenyimana Robert nawe atanga ibanga rituma umugwi Inter Star witwara neza.

Yavuze ati :” Ndashimiye Imana kubona twatsinze urukino ndetse nkana shimira ubuyobozi bwa Inter Star bwaduhaye ibanga twakoresheje, twarabandanije imyimenyerezo kandi n’abayobozi ba inter star igihe twatsindwa barihanganye, ahandi umumenyereza atsinzwe inkino zigera kuri 4 canke 5 yikurikiranya arirukanwa.”

Inter star ikaba iraye mu kibanza ca 12 n’amanota 11.
Ido n’ ido ni muri iki kiganiro :

2,755 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel