Scroll to Top

Mt Number one ubu abarizwa i Bujumbura

By KING YANN COOL / Published on Monday, 13 Nov 2017 07:33 AM / /

Mt Number one yagarutse i Bujumbura mu karuhuko ku ncuro ya kabiri muri uno mwaka wa 2017.

Imwe mu ma foto mashasha yifotoreje i Bujumbura

 

Mt number one yamaze gushika i Bujumbura, akaba yashitse ku musi wa hirya y’ejo (ku wa gatandatu) nkuko yabibwiye Indundi magazine.

Uwo muririmvyi abarizwa ku mugabane wa amerika, avuga ko yazanywe n’akaruhuko, eka n’ukubandanya igikorwa ciwe c’umuziki kirimwo n’ugukora ibikorwa bishasha.

Mt akaba yabandanije abwira Indundi Magazine ko urwo rugendo arimwo aha iwacu, ruzomara ikiringo c’ukwezi kwose. Akazoca asubira inyuma kwisumamwo n’ukuraba umuryango iyo usanzwe uba muri amerika.

Mt number one akaba yaheruka aha Iwacu mu kwezi kwa kane kw’uno mwaka wa 2017, aho yasubiye inyuma akoze amasanamu atari make arimwo Yasa n’irirenga, So yariye ivyabandi, Nzoruguha yakoranye na Masodja hamwe na Mi Wife yakoranye na Masterland.

11,840 total views, 4 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel