Scroll to Top

#Indundi cinema| ”Ngirente” ni ireresi yakinwe n’abarundi bafadikanije n’abanyarwanda

By La Rédaction / Published on Monday, 13 Nov 2017 08:15 AM / /

Hamabavu y’udukino dutwenze akunze gukina yitwa Mthematique, Mucowintore Saidi benshi bazi nka Manuva canke Mathematique asanzwe anakina amareresi atandukanye, indoto ziwe akaba ari ugushikana kure amareresi ndundi.

Ni muri iyo ntumbero Mathematique yashoboye kuja hamwe n’abakinyi b’amareresi bo mu gihugu kibanyi c’Urwanda maze babona gusohora ireresi ibica bigacika yiswe ”Ngirente?”.

Ireresi ”Ngirente?” rero ikaba yakinwe mu ruvangatirane rw’indimi z’ikirundi, ikinyarwanda ndetse n’ururimi rw’igiswahili ari narwo amenyereye cane, ikaba ifise ibice bibiri.

Mu ncamake, iyo reresi yerekeye urukundo rukunze kwibonekeza hagati y’abakiri bato, yamara ntiruhave ngo rugire ikintu kizima rushikako kubera baba bakiri bato bataba baramenya neza ico urukundo ruvuga.

Mathematique amaze gukundana n’umwigeme w’umunyarwandakazi, urukundo rwabo rwahavuye ruhindukamwo ingorane zanatumye agira ibibazo akarwara ingwara zo mu mutwe nayo uwo yari yakunze yitaba Uwuhoraho.

Vyinshi mukaba mubisanga muri iyo reresi aho mushobora kuyirabira ku buntu muciye ku buhinga bwa none http://nihotv.com

10,970 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel