Scroll to Top

Ng’iki kibuga kizokwakira urukino hagati ya Afrika y’Epfo n’Uburundi.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 13 Nov 2017 13:26 PM / /

Ku munsi wa gatandatu w’ino ndwi turimwo, igenekerezo rya 18 Munyonyo, isaha icenda z’umurango,  mu gisagara ca Johannesbourg, niho hazoba urukino rw’ugusubiriza hagati y’umugwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abigeme batarenza imyaka 20, bazoba baramutse bakirwa n’umugwi w’igihugu ca Afrika y’Epfo.

Ikibuga c’ahitwa Soweto citwa DobsonVille Stadium nico kizokwakira urwo rukino, gisanzwe cakira abantu bagera ku bihumbi mirongo ibiri na bine ( 24.000), kikaba gikinirwako n’umugwi wo muri ako karere wa Moroka Swallows.

Tubitse ko urukino rwa mbere rwabereye hano mu Burundi, rwarangiye ku ntsinzi y’Uburundi ku bitsindo bibiri ku busa (2-0), bizotuma Uburundi bugenda muri urwo rukino bufise umutahe ukwiye w’ugushobora kurengana ico gice,

7,127 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel