Scroll to Top

Ibi nivyo igihugu ca Arabia Saoudite ngo kigiye gufasha Uburundi

By La Rédaction / Published on Tuesday, 14 Nov 2017 03:07 AM / /

Mu rugendo arimwo rw’ugutsimbataza imigenderanire myiza hagati y’Uburundi n’igihugu ca Arabiya Saoudite, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph Butore yararose akaryo k’ukuganira n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu hamwe n’umuyobozi mukuru w’igisata FSD aho bamwereye ko Reta ya Arabiya Saoudite igiye gutanga ubufasha mu bikorwa bitari bike bijanye n’iterambere.

Kuri uyu wa mbere twaraye duhejeje, igenekerezo rya 13 Munyonyo uwu mwaka niho icegerea ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph Butore mu rugendo arimwo mu gihugu ca Arabiya Saoudite yaronka akaryo k’ukuganira n’umushikiranganji w’imigendera n’ayandi makungu hamwe n’umuyobozi mukuru wa FSD (Fond Saoudien pour le Développement) aho bamwereye ko Reta ya Arabiya Saoudite igiye gutanga ubufasha mu migambi y’iterambere igera kuri itatu ariyo : isubirwamwo ry’ibitaro vyitiriwe umwami Khaled vyo mu Kamenge, kwubaka ibarabara rya Mutambara-Nyanza-Lac hamwe n’ukuringaniza ibikoresho bizofasha muri  ”Institut Supérieur Professionnel”.

3,090 total views, 13 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (1)

Honore
2017-11-14 00:00:00

Nivyiza nibigire mubarabu bareke about babirigi

Write a comment ...
Post comment
Cancel