Scroll to Top

Iki nico aherutse kwemerera abanyagihugu na Paruwase Rugazi

By La Rédaction / Published on Tuesday, 14 Nov 2017 02:12 AM / /

Umukuru w’inama nsingamateka Pascal Nyabenda aherutse kwemerera abanyagihugu bo muri komine ya Rugazi hamwe na Paruwase ya Rugazi ko mu misi ya vuba agiye kubafasha kuronka umuyagankuba wo soko ry’iterambere rirama.

                              Pascal Nyabenda, umukuru w’inama nshingamateka

Kuri uyu w’Imana uheze igenekerezo rya 12 Munyonyo, umukuru w’inama nshingamateka Pascal Nyabenda yari yaramutse yifatanya n’abakristu bo muri komine ya Rugazi mu gisabisho c’ukwugurura ku mugaragaro Paruwase nshasha ya Rugazi ikukirira archidiocese ya Bujumbura.

Muri ivyo birori, Pascal Nyabenda yarakeje abakristu bo ngaho mu Rugazi kuri iyo Paruwase nshasha bari bahejeje kugabana yongera abemerera ko nawe nk’imvukira yo mu ntara ya Bubanza azokwama aterera agacumu k’ubumwe kugira ngo intara avukamwo ibandanye itera imbere.

Ni muri iyo ntumbero nyene umukuru w’inama nshingamateka Pascal Nyabenda yaciye yemerera iyo komine hamwe n’iyo Paruwase nshasha ko agiye gukora ibishoboka vyose kugira ngo baronswe umuyagankuba gutyo iterambere ribandanye ryiganza muri iyo ntara ya Bubanza.

 

1,930 total views, 7 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel