Scroll to Top

Komine ya Giheta igiye kuronswa isoko ya kijambere

By La Rédaction / Published on Tuesday, 14 Nov 2017 02:21 AM / /

Komine ya Giheta yo mu ntara ya Gitega ngo mu misi ya vuba igiye kuzoronswa isoko nshasha ya kijambere.

 

Mu bikorwa vy’iterambere yari yaramutse afashanya n’abanyagihugu bo muri komine Giheta yo mu ntara ya Gitega ku musi wa gatandatu uheze, igenekerezo rya 11 Munyonyo uwu mwaka, icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka akongera akaba n’umukuru w’inama mpanuzwajambo ya komine Giheta,  Spès Caritas Njebarikanuye yamenyesheje abanyagihugu bo ngaho mu Giheta ko agiye kubafata mu mugongo kugira ngo barabe ko muci riza boba barose isoko ya kijambere.

Iyo soko ya kijambere ikaba itegekanywa kuzokwubakwa ku mutumba wa Ruhaza muri zone na komine Giheta yo mu ntara ya Gitega ahazwi cane kw’izina ryo ”Kukirato”, rikazoba rifise ibibanza biharurwa mw’ijana na mirongo umunani.

Spès Caritas Njebarikanuye akaba yemereye abanyagihugu b’aho mu Giheta ko azobaterera imashini ”tracteur” izobafasha muri ivyo bikorwa anahamagarira urwaruka rwaho kwijukira ibikorwa vy’iterambere gusumba uko bahora.

2,326 total views, 16 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel