Scroll to Top

Abantu bagera kuri batatu ngo nibo baciye bitaba Imana ubwo nyene

By La Rédaction / Published on Tuesday, 14 Nov 2017 05:15 AM / /

Abantu bagera kuri batatu barimwo umupfasoni n’umwana wiwe nibo baciye bitaba Imana ubwo nyene nayo imirima y’ibiterwa irenga amahegitare icumi n’atanu arahononekarira biturutse ku mvura idasanzwe iherutse kurwa muri zone ya Mukungu, komine Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba.

 

Isegenya idasanzwe yaguye ku musi wa gatandatu n’uwamungu uheze, ku magenekerezo ya 11 na 12 Munyonyo uwu mwaka yasize amazi ajererenga muri zone ya Mukungu yo muri komine Nyanza-Lac, aho yahitanye ubuzima bw’abantu batatu barimwo umupfasoni n’umwana wiwe eka ikaba itasize inyuma n’imirima y’ibiterwa yo muri ako karere, aho amahegitare y’ibiterwa arenga icumi n’atanu yose yasigaye ari akangaratete.

Amaze kubona ivyo, Musitanteri wa komine Nyanza-Lac, umushingantahe Jean Claude Nduwimana akaba yaciye atera akamo uwo wese abishoboye ko yogarukira kuri abo banyagihugu baraye bahuye n’ivyo vyago na canecane mu kubaronsa imbuto basubiriza izaraye zihitanywe n’iyo segenya nk’ibigoti, imbuto z’ibigori n’ibiharage.

Musitanteri Jean Claude Nduwimana aboneraho kandi gusaba ikigo OBR ko cobafasha mu kubarungikira imashini yoshobora kubafasha guca imiserege ku mabarabara yazibiwe n’iyo segenya.

3,758 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel