Scroll to Top

Athletico Olympique yemeza ko yasezereye umumenyereza wayo.

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 14 Nov 2017 11:17 AM / /

Kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 14 Munyonyo, umugwi wa Athletico Olympique wamenyesheko uhagaritse amasezerano n’umumenyereza ABEGE yarasanzwe awumenyereza kuva mu ntango z’ihiganwa rya Primus Ligue.

Nk’uko  vyamenyeshejwe n’umwe mu ndongozi z’umugwi wa Athletico Olympique Dr Maronko Boniface, AGEBE yasezerewe mu mabanga yiwe bivanye n’uko ata musaruro ukwiye yatanze muri uyo mugwi. kuko maze inkino zitari nke utsindwa.

Iyo ngingo ikaba ifashwe mu gihe, umumenyereza AGEBE, yari yamenyesheje imbere y’abamenyeshamakuru ko uyo mugwi woba ufise bakinyi badafise ubuhinga bukomeye kuko ngo atari nawe yabarondeye.

Umugwi wa Athletico Olympique kuva utakaje umumenyereza Kaze Cedrik mu mwaka w’2015, nturagira umumenyereza amara igihe kinini amenyereza abamenyereza. Inyuma ya Michel TUHABONYE, Omar Ntakagero na AGEBE ni nde yoba agiye kumenyereza Athletico Olympique.

Mwomenya ko Athletico Olympique kuva mu kwezi kwa Gitugutu utigeze utsinda n’urukino na rumwe, mu nkino umunani wakinye watsinze ibitsindo bine gusa winjizwa ibitsindo 12. Muri kino gihe uyo mugwi uri mu kibanza ca 15, n’amanota icenda gusa mu nkino 11.

1,268 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (1)

melance mpawenimana
2017-11-14 00:00:00

nibarabe bazane uwundi mumenyereza kugira turabe ko tutohava dukoroka mucicaro ca2.

Write a comment ...
Post comment
Cancel