Scroll to Top

Maud Kumaro ” Dufise akazi katoroshe imbere y’Uburundi”

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 14 Nov 2017 11:55 AM / /

Ku wa gatandatu, igenekerezo rya 18 Munyonyo, mu gisagara ca Johannesbourg  ku kibuga ca BidonsVille, hategekanijwe urukino rw’ugusubiriza hagati ya Basetswana ( Afrika y’Efpfo ) n’intamba mu rugamba z’abigeme batarenza imyaka 20. Umumenyereza wa Afrika y’Epfo aremeza ko bafise akazi katoroshe imbere y’Uburundi.

Mu kiganiro yahaye ibinyamakuru cyo mu gihugu ca Afrika y’epfo, uno mupfasoni yahoze akinira umugwi wa Banyana Banyana, yashikirije ko hari bamwe mu bakinyi batazoboneka mu kibuga harimwo kizigenza w’uyo mugwi uwitwa  Linda Motlhalo.

‘ We have a tough task  a head us. Burundi  are not to be underestimated” , “ Dufise akazi katoroshe, Uburundi si ubwo gusuzugura”. 

Umugwi wa Afrika y’epfo usabwa gutsinda ibitsindo bitatu ku busa kugira ubandanye igice gikurikira. Mu gihe uburundi bwo busabwa kuzigama itsinzi y’ibitsindo bibiri bwatsinze mu  rukino rwa mbere.

Izi nkino zikaba ziriko zirakinwa   mu ntumbero y’ukurondera itike y’ukuja mu gihugu c’Ubufaransa k’umwaka uza mu gikombe c’isi ku bigeme batarenza imyaka 20.

 

 

1,527 total views, 3 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel