Scroll to Top

Ikoh ihimiriza abandi kugura CD ya Album ya Spok’s

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 14 Nov 2017 12:38 PM / /

Abandi ngo nabo nibagire nkuko Ikoh yakoze bagure CD ya Album ya Spok’s, ngo ntibazogaya utwo bazosangamwo.

Ishirahamwe Ikoh Multiservices itumirira abarundi n’abanyamahanga kugira nkuko bakoze, bagashigikira umuririmvyi Spok’s mu kugura CD y’urukurikirane rwiwe yise ndakumbuye Iwacu aheruka gushira ahabona.

Mu butumwa bashize ku rubuga rwabo rwa Facebook, bavuze ko iyo CD baguze, bayiguze amafaranga angana n’ibihumbi 50 vy’amafaranga y’amarundi (~20$).

Kwi foto yaherekeje ayo majambo bashize kuri urwo rubuga, habonetse abasore babiri basigaye muri wa mugambi You’ll Love Changes Vol2, Double Jay na Franck Duniano

5,815 total views, 3 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel