Scroll to Top

#indundi Sports | karim yagendewe n’ abamenyereza biwe

By Radjabu Bosingwa / Published on Tuesday, 14 Nov 2017 13:34 PM / /
Mu gihe icegera ca Kizigenza w’Intamba mu Rugamba Nzigiyimana Karim  amaze imisi abazwe ukuguru kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 14 Munyonyo umwaka wa 2017 abamenyereza biwe bamugendeye mu ntumbero yo ku musuhuza, bakaba barikumwe n’uwusanzwe ari Manager w’umugwi Gormahia.
Inyuma yo kugenderwa n’ abasanzwe ari abamenyereza biwe twegereye Nizigiyimana Karim Makenz kugira atuyagire uko yavyakiriye, karim yagize ati:” Ndanezerewe cane kubona aba menyereza banje ndetse na manager w’Umugwi Gormahia baje kunsuhuza bimpaye umunezero udasanzwe ndetse no kuguma mfise icizere c’uko mfise abantu bambaye hafi”.
Karim Nizigiyimana agasubira agashimira abantu Bose bamubaye  hafi muri kino gihe kitoroshe kuri we.

4,460 total views, 5 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel