Scroll to Top

sat b yagarutse ku butumwa buri mu ndirimbo “Inkuru y’ukuri”

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 14 Nov 2017 17:30 PM / /

Abantu ngo bari bakwiye gukura amaboko mu mpuzu bagakora naho hoba hari ibibazo bafise, nkuko yabikoze agashika aho ageze.

Sat-b w’igihe asohora akaririmbo Inkuru y’ukuri, hamwe na w’ubu ngo baratandukanye cane. Kubwa Sat-b ngo cari gikwiye kuba icirwa kugira abantu bakure amaboko mu mpuzu ngo bakore naho ibihe vyoba ari bibi.

Mu kiganiro Story of the Song aheruka kugirana na Akeza Web Tv, yavuze ko ico gihe mu rukurikirane rwa mbere yakoze, yahereye ku ndirimbo yipfuza kwivugira n’ukuvugira abo bari mu bihe bimwe vyo kuba mw’ibarabara, kuko nawe yahaciye mu kiringo nk’ic’umwaka n’inusu.

Sat-b yabandanije avuga ko ukutadebukirwa n’ukugira Ishaka naho woba ufise ibikubakiye, ariyo yari inkingi y’ubutumwa yashize muri iyo ndirimbo “Inkuru y’ukuri” iri mu zamenyekanye cane mu rukurikirane yitiriye ako kazina nyene.

Ico gihe Sat-b akaba yari musi y’ubufasha bwa Amir Pro, umuhinyanyuzi yaragezweho ico gihe, ari nawe yakoze urwo rukurikirane rwose. Hamwe na Landry Mugisha umumenyeshamakuru akorera CCIB fm+; ubu akaba ariwe nyene Inzu Akeza Trademark.

5,417 total views, 6 views today

Add Comment

Comments (1)

Ndayisenga Advaxe
2017-11-15 00:00:00

Sat b ahanura ibintu vyumvikana ni ukuri. Barundi muze twijukire ibikorwa kuko arivyo bidukwegakwega bikadushikana kubuzima nyabwoooooooooooo

Write a comment ...
Post comment
Cancel