Scroll to Top

Breaking News : Ndikumana Katauti ntakiri kumwe natwe

By Radjabu Bosingwa / Published on Wednesday, 15 Nov 2017 00:34 AM / /

Ndikumana Katauti yari asanzwe ari icigera ca kabiri c’umumenyereza wa Rayon Sports yaraye yitavye Imana muri iri ijoro ryo kuwa 14 Munyonyo umwaka wa 2017.

Amakuru dukesha ibinyamakuru vyo mu gihugu kibanyi c’Urwanda amenyesha ko Ndikumana Hamad Katauti yari avuye mu myimenyerezo yo kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 14 Munyonyo niho ageze mu rugo iwe ngo yumva atamerewe neza aca maze ahava atera aja kwa muganga. Inyuma y’ukumuvura, abaganga baramuhereje imiti aza gufatira i muhira aca abona gusubira mu rugo iwe. Yamara amaze gushika mu hira ibintu bikaba vyaramukomeranye aguma aremba bimwe bikomeye umusore babana amaze kubona ko bikomeye niho yahava abona guhamagara umuganga w’umugwi Rayon Sports nawe ahashika nk’isaha zitandatu z’ijoro (00h00) asanga Katauti aryamye ku gitanda amuravye asanga yamaze kwitaba Umuremvyi.

Ndikumana Hamad Katauti akaba yitavye Imana afise imyaka y’amavuka 39 akaba yari yavutse mu mwaka w’1978. Indundi Sports irahojoje umuryango wabuze.

2,536 total views, 4 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel