Scroll to Top

Abanyagihugu bo mu Cankuzo basaba abagiraneza ko bobagarukirako

By La Rédaction / Published on Wednesday, 15 Nov 2017 03:45 AM / /

Inyuma y’uguhura n’ivyago biturutse ku mvura y’isegenya ivanze n’umuyaga mwinshi maze imirima n’amazu yabo atari make akahagirira ikibazo, abanyagihugu bo mu ntara ya Cankuzo canecane mu makomine ya Cendajuru na Cankuzo basaba abagiraneza ko boraba bakabagarukirako.

Inyubakwa zigera ku mirongo umunani na zitatu zo muri komine Cendajuru hamwe n’izindi zigera kuri icumi n’indwi zo muri komine ya Cankuzo nizo ziherutse kubomoka bivuye ku mvura y’isegenya yaguye muri iyo ntara ku musi wa gatanu n’uwa gatandatu w’indwi iheze.

Amakuru ashikirizwa n’abajejwe intwaro muri komine ya Cankuzo amenyesha y’uko imvura idasanzwe ivanze n’igihuhusi yaguye ku musi wa gatanu n’uwa gatandatu w’iyinga iheze ku magenekerezo ya 11 na 12 Munyonyo uwu mwaka ko yasize amazi ajererenga mu makomine agera kuri abiri yo muri iyo ntara ari komine Cendajuru hamwe na komine Cankuzo.

Inyubakwa zigera ku mirongo umunani na zitatu zo muri komine Cendajuru hamwe n’izindi zigera kuri icumi n’indwi zo muri komine ya Cankuzo akaba arizo zahabomokeye tutibagiye imirima y’ibiterwa yahitanywe n’iyo segenya, gushika ubu bakaba bariko basaba ko abagiraneza bobagarukirako mu bihe bitoroshe barimwo.

4,459 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel