Scroll to Top

#indundi Sports| Yanse kuja muri Simba sc

By Radjabu Bosingwa / Published on Wednesday, 15 Nov 2017 15:26 PM / /

Amakuru yaguma acana canako kuri bimwe mu bimenyeshamakuru vyo mu gihugu ca Tanzania yavuga yuko umukinyi w’Intamba mu Rugamba Nahimana Shassir ariko arifuzwa n’umugwi Simba Sc wo muri Tanzania, ivyo benshi begeka kuri Massudi Djuma, uwo mu menyereza akaba  ata tevye kubitera ivyatsi.

Massudi Djuma akaba akavuga yuko nawe nyene ayo makuru yayumvise uko nyene yasubiye ababwira yuko ivyo bizwi n’abayobozi ba Simba Sc we ata kintu na kimwe azi kuvyerekeye Shassir gusa ico azi n’uko ari umukinyi wa Rayon Sports.

Shassir Nahimana yabwiye indundi Sports yuko yanse kuja mu Mugwi Simba sc kumvo z’uko atararangiza amasezerano na Rayon, akaba yasavye gutenyenya amezi atandatu (6) asigaje muri Rayon sports arangire. Akamenyesha ko mugihe azogugwa ata masezerano afise azogurwa agafaranga kaboneka.

Mu kibukako Nahimana Shassir arumwe mu bakinyi bakoze ibintu bikomeye mu mugwi Rayon sports, mu mwaha uheze akaba yatowe nk’umukinyi w’ukwezi incuro zibiri zikurikirana muri kino gihe akaba afise ibitsindo 2 mu nkino 4 amaze gukina .

9,024 total views, 3 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel