Scroll to Top

Agahinda ni kose ku murundikazi Honey Asma bivurwa ko yasohokana n’umuhisi Katauti

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 16 Nov 2017 07:15 AM / /

Agahinda ni kose kuri Honey asma bivurwa ko bari bagize igihe bari mu rukundo, kubera rupfu rw’umuhisi Katauti yitavye imana ku musi wa gatatu.

Agahinda katagira uko gasobanurwa niko kaboneka mu nyandiko umwigeme Honey Asma ashira ahabona inyuma y’urupfu rw’umuhisi Katauti, vyavurwa ko basigaye bari mu rukundo.

Ako gahinda kakaba kerekanwa n’amajambo uwo muvyeyi yashize ahabona hamwe n’amafoto atandukanye nayo yasohoye. Inyuma y’ugushira ahabona isanamu yibaruba ata na kimwe kibonekako ku rubuga rwa Instagram, aho yanditse asezera umuhisi ati :”RIP baba @ndiku3 {Izina rya katauti kuri Instagram} “, Asma yashize iyindi kuri facebook aho aboneka arikumwe n’umuhisi naho yandikako amajambo yababaje abatari bake aho yagize ati :” Daa siamini RIP hun”.

Hampande y’ako kababaro, abatari bake mu bagenzi biwe bagaragaje gushigikira uwo mwigeme muri ivyo bihe bibi ariko aracamwo, aho bamusaba kwihangana, kuko kuri bamwe ngo ariko vyari vyanditswe, ku bandi naho ngo ataco yohindura.

Hampande y’abagenzi biwe, na Manager wa Kidum mu gihugu kibanyi c’Urwanda Ahmed Pacifique nawe yamwihanganishije kuri iyi foto nyene aho nawe yamusaba kwihangana.

Mwokwibukako ko uwo muhisi yitavye rugira ku musi w’ejo aho ngo yari yashikanywe kwa muganga, imvo n’imvano ngo yoba ari ikibazo c’umutima yarasanzwe afise.

7,671 total views, 3 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel