Scroll to Top

Kebby Boy yavuze kw’isomana ryabonetse mu masanamu y’indirimbo Kipotabo

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 16 Nov 2017 08:18 AM / /

Kebby ngo umukobwa basomanye mu masanamu y’indirimbo yiwe, Kipotabo, ngo nta kindi bahuriyeko atari ukumufasha gushira mu mashusho ivyo yaririmvye.

Kebby boy aheruka gushira habona akaririmbo Kipotabo yakoranye na mugenziwe Bruce Melodie wo mu gihugu kibanyi c’urwanda, muriko uwo muririmvyi aboneka asomana n’umukobwa, ibitari bisanzwe bimumenyereweko.

Mu kiyago gito twagiranye, yatubwiye ko kuba yarafashwe isanamu ariko arasomana n’uwo mukobwa, ngo ari ibisanzwe cane, kuko muri iyo ndirimbo avuga ko ukunda uwo yaririmvye cane kandi bivuye ku mutima.

Kebby yabandanije avuga ko kuba yabivuze mu ndirimbo -Audio-, ngo biri nkenerwa n’uko abishira mu ngiro mu masanamu. Aho akavuga ko yabikoze kugira ashire mu masanamu ivyo yaririmvye, Kebby akabona ko ata kibazo biteye kuko ata bundi bucuti bafitanye atari ubw’ugukorana iyo ndirimbo.

Ako karirimbo Kipotabo  kasohotse ku musi wa kabiri mw’ijoro, kakaba gushika ubu gaharurirwa mu ncuro zirenga 1300 kamaze kurabwa ku muhora wiwe wa Youtube.

8,153 total views, 3 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel