Scroll to Top

Asaba amakomite y’umutekano ahurikiyemwo bose kwama yarikanuye

By La Rédaction / Published on Thursday, 16 Nov 2017 13:20 PM / /

Inyuma y’aho hatorewe ibikoresho vya gisirikare na gipolisi bitandukanye mu karere kari hagati y’amakomine ya Musongati na Rutana yo mu ntara ya Rutana, Buramatari w’iyo ntara Bède Nyandwi yaciye aboneraho gusaba amakomite y’umutekano ahurikiyemwo bose ko yokwama yarikanuye maze amahoro n’umutekano bibone gutsimbatara muri iyo ntara.

Kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 15 Munyonyo, abajejwe umutekano baramutse basaka mu karere kari hagati y’amakomine ya Musongati na Rutana yo mu ntara ya Rutana aho bashoboye gufata ibintu bitari bike bigizwe n’igikono kimwe c’inkoho yo mu bwoko bwa kalashnikov kirimwo amasase icumi, imyambaro ibiri ya gipolisi, imyambaro ine y’impuzu za gipolisi zirinda imvura ”imperméables” hamwe n’umupira wa gisirikare.

Muri iryo sakwa nyene, haranafashwe amaritiro y’igitoro co mu bwoko bwa essence agera ku 200, imifuko 18 y’ifumbire yo mu bwoko DAP, imisegetera 37, amakarato y’inzoga zibujijwe n’amategeko bita ”Karibu” agera ku ndwi hamwe n’inyama zo mu makopo zigenewe  abasirikare zari mu makopo agera ku mirongo ibiri n’atanu.

Buramatari w’iyo ntara akaba yamenyesheje ko iryo sakwa ryabaye mu gihe hari muri ako karere hamaze imisi himonogoje ubusuma bukabije bw’abantu bitwaje ibirwanisho hamwe n’ubwicanyi butagira izina.

Yaboneyeho kandi guhamagarira uwo wese yoba agitunze ikirwanisho gicira umuriro atabifitiye uruhusha ko yogisubiza ku neza yiwe n’iy’umuryango nayo uwoba atinya kugisubiza ku murango amusaba kuzoraba ahantu abona coshobora gutorwa n’abajejwe umutakano maze akagashiraho hako aza kukinyegeza mw’ishamba gishobora kugira ingaruka mbi haba ku bantu canke ku bitungwa.

7,754 total views, 1 views today

Categories : homepage kirundi security

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel