Scroll to Top

Mu rukurikirane Gukunda rwa Andy Kool, hagezweho” Ur’inyambo Burundi”

By KING YANN COOL / Published on Friday, 17 Nov 2017 09:57 AM / /

Ishirwa ahabona ry’indirimbo ziri mu rukurikirane “Gukunda” rirabandanya, ubu hagezweho Ur’inyambo Burundi inyuma ya  Gukunda na Ndaje.

Inyuma y’uturirimbo Ndaje na Gukunda yashiriye ahabona amasanamu, Andy Kool abarizwa ku mugabane wa buraya yamenyesheje ku rubuga rwiwe rwa facebook ko vuba cane akandi karirimbo kagiye gushirwa ahabona.

Nkuko yabishikirije, ngo akaririmbo “Ur’inyambo Burundi” niko kagiye gushirwa ahabona mu misi ya Vuba. Ako karirimbo akaba yanamaze kugashira mu majwi akoresheje Video yashize ku rubuga rwiwe rwa Facebook.

Utwo turirimbo turiko turasohoka, akaba ari uturi mu rukurikirane rw’indirimbo ashaka gushira ahabona buke buke, izo nazo zikaba ziri mu rukurikirane yise Gukunda nkuko yabibwiye Indundi Magazine.

3,110 total views, 2 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel