Scroll to Top

Abantu bagera kuri batandatu nibo baraye bafatiwe mu Gisyo

By La Rédaction / Published on Saturday, 18 Nov 2017 01:47 AM / /

Abantu bagera kuri batandatu nibo baraye bafashwe n’abajejwe umutekano bakaba bikekwako ubugizi bwa nabi bw’ugusahura n’ukwica abanyagihugu.

Mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya 17 Munyonyo uwu mwaka, igipolisi c’Uburundi carafatiye muri karitiye ya Gisyo yo muri zone ya Kanyosha komine Muha abantu bagera kuri batandatu bikekwa mu bari bamaze imisi bagisibije muri iyo karitiye mu gusahura n’ukwica abantu bakoresheje imipanga.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, OPP1 Petero Nkurikiye amenyesha ko ico gikorwa c’ugufata abo bikekwako ubugizi bwa nabi ko cashoboye kugenda neza bivanye n’ugukorana neza hagati y’abanyagihugu bo ngaho mu Gisyo hamwe n’abajejwe umutekano.

Abo bikekwako ubwo bugizi bwa nabi bakaba baciye bashikirizwa inyamiramabi kugira ngo zibone kubakorako amatohoza maze zizoheze zishikirize ubutungane amadosiye yabo nabwo buzobona kubagiriza ico caha canke kubambika izera.

3,300 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel