Scroll to Top

Perpetue Miganda mu gitabo yise ”Trésors du Burundi ancestral”

By Editor / Published on Tuesday, 21 Nov 2017 06:58 AM / /

kw’igenekerezo rya 18 Munyonyo umwaka wa 2017 niho umurundikazi Perpetue Miganda yashira ahabona igitabo ciwe yise ”Trésors du Burundi ancestral” cerekana ubutunzi bwinyegeje muri kahise k’igihugu cacu ”’
Ico gitabo kikaba ca kuriwe ubwatsi na zimwe mu ncabwenge, eka n’abanditsi b’ibitabo bitandukanye, nk’umwigisha akaba n’umwanditsi rurangiranwa Gahama Joseph, kikaba  cashizwe ku mugaragaro giherekejwe n’umudiho w’inanga (harpe) mw’i hotel yitiriwe Galaxy iri mu gisagara ca Kigali.


Mur’ ico gitabo gikangurira abakiri bato kumenya iyo bamuka no kumenya iyo berekeza, Miganda yashatse gusangira n’abasomyi ico yise ubutunzi bwa kahise k’igihugu cacu, aho twovuga agaciro k’abantu ba kera, ugufatana munda hamwe no gufashanya, gusonera ubuzima bwa kiremwa muntu, hatibagiwe gusonera ibidukikije, na cane cane muri kino gihe bisa n’ibiri ku muhero.
Ico gitabo kikaba gisubiza agaciro imicokama y’uburundi, kikerekana ko muri kahise harinyishu y’ibibazo vyose igihugu cacu gihura naco haba muvy’ubutunzi, uburongozi eka n’uburezi.

None Perpetue Miganda yoba ari nde?

Umurundikazi yavukiye ku musozi Mityazo wo mu ntara ya Mwaro mu mwaka w’ 1958, akaba afise impamya bushobozi mu gisata ca Psyccologie et Sciances de l’Education, akaba yarakoze cane ku bijanye n’agateka kazina muntu hamwe n’imibano hano iwacu, akaba yaranafashije mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi w’amahoro  mu gihugu cacu imbere yuko yimukira mu gihugu c’urwanda mu mwaka wa 2001.
Perpetue yarafashije kandi mu gutorera umuti indyane zari mu gihugu ca Togo akorana n’ishirahamwe  PNUD.

Mu mwaka wa 2008 gushika mu 2014 akaba yari umuyobozi w’igisata ca Africa y’ubuseruko kiraba iterambere ry’abantu hamwe n’ikumirwa rifatiye ku gitsina.
Miganda kandi akaba ari mu banditsi bajana n’ibihe akabarizwa ku mbuga ngurukana bumenyi nka facebook @migandaperpetue, twitter @PMiganda, akagira n’urubuga yisangije website www.miganda.info eka akaba atashimye ko igitabo ciwe kigurishwa mu minwe gusa, akaba yaranagishize kw’isoko ngurukana bumenyi aho ushobora kugisanga nko kuri Amazon – Trésors du Burundi ancestral (French Edition) , ivyo vyose akabikora mu ntumbero yo kugira ico gitabo gishike hose.

2,157 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel