Scroll to Top

Primus Ligue: Ni iyahe migwi yigenjeje neza kurusha iyindi mu nkino zitanu ziheze.

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 21 Nov 2017 06:53 AM / /

Ihiganwa ry’umupira w’amaguru hano mu Burundi, rigeze ku ndwi ya 12. Muri ino ndwi turimwo, hazobandanya indwi ya 13 imbere y’uko abakinyi bariko bitegurira ihiganwa rya CECAFA Senior Challenge, baja hamwe.

Mu migwi igera kuri 16, igize ihiganwa rya Primus Ligue, mu nkino zitanu hari imigwi yigenjeje neza cane kurisha iyindi.

 

  • Inter Stars: Uno mugwi kuva kw’italiki 22 z’ukwezi kwa Gitugutu, nuratakaza urukinona rumwe. Mu nkino zitanu banganije rimwe batsinda kane, ntibigeze batsindwa ( D1,W4). Muri izo nkino batsinze ibitsindo bitandatu batsindwa kimwe. Inter Stars wavuye mu kibanza ca 15¬† wamazemwo indwi icenda bashika mu kibanza ca 11 n’amanota 14.

 

  • LLBS4 irakwije inkino zitandatu idatsinzwe n’urukino na rumwe. Batsinze inkino zitanu banganya urukino rumwe gusa (w5,D1). LLS4A ku ndwi y’icumi y’ihiganwa yasubiye mu kibanza ca mbere, imbere ya Aigle Noir.

 

  • Messager Ngozi niwo mugwi watsinze ibitsindo vyinshi mu nkino zitanu ziherutse. Batsinze ibitsindo icumi mu nkino zitanu; n’ukuvuga ibitsindo bibiri kuri buri rukino.

 

  • Vital’o FC niwo mugwi watsinzwe ibitsindo bike cane mu nkino zitanu ziherutse. Ibitsindo bibiri gusa nivyo vyinjiye mw’izamu rya Jonathan Ndikumana asamira umugwi wa Vital’o FC.

 

Muri rusangi Inter Stars – LLBS4A- Messager Ngozi niyo migwi¬† yerekanye ibiharuro vyiza cane kuruta iyindi migwi yose iri mw’ihiganwa mu nkino zitanu zirangiye.

Inyuma y’inkino zitegekanijwe kuva kuri uno wa kabiri, uwa gatatu n’uwa kane, ihiganwa rizoca ribanza guhagarara kugira abakinyi bashirwe hamwe, babashe gutegura neza ihiganwa rya CECAFA Senior Challenge.

1,521 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel