Scroll to Top

Wema Sepetu yamenye ibanga avuga igishobora gutuma abura amahoro n’itiro

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 21 Nov 2017 09:42 AM / /

Wema sepetu yibutse ko afise urubanza muri sentare yagirizwa gukoresha ibiyovyabwenge, ngo itiro n’amahoro birabura.

Umukinyi w’amareresi akomeye mu gihugu ca Tanzania, Wema Sepetu yamenye ibanga aho yaganira na kiwe mu binyamakuru vyaho muri tanzania, avuga urubanza rumutera kutaronka iiro buri gihe iyo arwibutse.

Muri kiyago, uwo mukini w’amarersi akaba kandi n’umudandaza yameyesheje ko urubanza afise muri sentare bamwagiriza kuba asanzwe akoresha ibiyovyabwenge, ngo iyo yibutse ko arufise mu butungane ngo itiro rirabura.

Wema yabandanije avuga ko ngo iyo arwibutse abura amahoro, naho hagira uwushaka kumufasha guhindura ivyiyumviro.

Uwo mukinyi akaba ari mu baririmvyi n’abakinyi b’amareresi n’abakozi b’Imana  batari bake bagirijwe kunywa gukoresha n’ukudandaza ibiyovyabwenge muri Tanzania. Bamwe muribo, nawe nyene arimwo bakaba barafunzwe imisi hama bararekurwa ngo amatohoza abandanye ariko bidegemvya.

4,971 total views, 0 views today

Add Comment