Scroll to Top

Ikizobeneka mu mashusho ya My Level, kitari kizwi kuri Ashley Diva

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 21 Nov 2017 10:07 AM / /

Ashley Diva yabonetse mw’ishusho io ty’amasegonda 15 ritangurira Clip Video ya My level akwega umusogoto w’itabi.

 

Kuri uyu wa kabiri Ashley diva yashize ahabona ishusho rito ritangurira amasanamu y’indirimbo My level azoshira aabona mu misi iza aha i Bujumbura. Uwo muririmvyikazi abarizwa mu gihugu ca Kenya akaba yitezwe i Bujumbura mu giteramo c’ishirwa ahabona ry’ayo masanamu kuri uyu wa 8 kigarama kuri Satr Hotel.

Muri iryo shusho ringana n’amasegonda 15 gusa, Ashley Diva yabonetse yatsa umusogoto w’itabi akawushira ku munwa gusa, umwanya uba uraheze. uwo muririmvyikazi akaba atarasanzwe azwi mu baririmvyi basanzwe banywa itabi.

9,043 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment