Scroll to Top

Ivya Emery Sun na Ikoh vyahavuye bishirwa ahabona

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 22 Nov 2017 06:33 AM / /

Emery sun ngo aridegemvya ubu ntagihaurwa mu baririmvyi bakurikiranwa n’ishirwa Ikoh nkuko babishikirije ku rubuga rwa  Facebook basanzwe bakoresha.

Ishirahamwe Ikoh ryahavuye ishirahabona  ko gushika ubu batakiri kumwe n’umuririmvyi Emery Sun ariko ko ubu yidegemvya atakibarizwa iwabo. Ivyo vyashikirijwe n’iryo shirahamwe nyene  ku rubuga rwabo rwa Facebook.

Muri ubwo butumwa nyene, iryo shirahamwe ryanabonyeho akaryo ko kumenyesha ko ibiabzo vyahora hagati y’iryo shirahamwe n’isamirizi Buja Fm ngo vyamaze guhera ubu ubucuti ari umunani. Ayo majambo akaba yaherekejwe n’ishusho ry’umutware w’iryo shirahamwe Haruna Ikoriciza hamwe n’abamenyeshamakuru b’iyo nsamirizi barimwo n’uwusanzwe avugira iryo shirahamwe.

Mwomenya ko imisi iharurwa ku mpapuro ngo You’ll Love changes Vol2 irangire, iryo shirahamwe rikaba ryamaze gushira ahabona amagenekereza y’ibiteramo 3 bizokorwa muri uku kwa 12, ivyo navyo bikazokorerwa mu ntara za Gitega, Makamba na Bujumbura, ariko bakaba bataramenyesha ibibanza nyezina bizoberamwo ivyo biteramo.

#Burundi,We are Coming…🔥🔥 #Events #Music #PicoftheDay #YLC2 #IkohEntertainment #IkohMusic

A post shared by Ikoh Multiservice (@ikohmultiservice) on

5,977 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment